Jumatatu, 11 Novemba 2013

BURUNDI Icuka casubiriye kuba kibi hagati ya Big Fizzo na Lolilo

 




Bigg fizzo na Lolilo bose ni abaririmvyi b’abarundi , abo si ubwa mbere bagiriranira ibibazo kubera indirimbo, umwe yagiriza uwundi ko yamwiganye canke yamutwaye indirimbo ivyo muravyibuka ku ndirimbo yitwa baza Fizzo yaririmbanye n’umuririmvyi wo mu Rwanda Tom Close aho Lolilo yavuga ko Fizzo yiganye indirimbo yiwe.
Ivyo vyateye ukutumvikana hagati yaba babiri hanyuma barabiganira birahera babana amahoro.

JPEG - 22.4 ko
Ubu icuka casubiye kuba kibi kubera indirimbo nshasha ya Lolilo yitwa “uruwambere” yakorewe muri Kisu record n’umuhinyanyuzi A-Tizo Technology iyi ngo ikaba ifise vyinshi ihuriyeko n’indirimbo ya Fizzo yitwa “nakulove” yakorewe muri Buja record studio n’umuhinyanyuzi Lizer Classic.
Iyi ndirimbo ya L olilo yayiririmbanye na Black.G, Lolilo avugako iyi yatanguye kuyikora imbere yuko “nakulove “ ya Fizzo isohoka kuko avuga ko yashatse kuyiririmbana na Fizzo bihinduka gatoyi hanyuma ayiririmbana na Black.G.
JPEG - 9.6 ko
Abandanya avuga ko bihuje umudiho ariko ko bidahuye na gatoyi ngo uretse utujambo two mu ndirimbo ya P- square bahuriyeko.
Naho Fizzo wewe avuga ko ivyo atavyo azi kiretse ko azi ko mu gihe yaza mu Burundi Lolilo yamusavye ko baririmbana indirimbo ariko iyo ngo yashaka ko bayandikira mu ruhinyanyuriro hama Fizzo avuga ko bitoba bisiguritse ngo bazoyitondera.
Iyo uravye neza nuko izi ndirimbo uko ari zibiri mukuzikora bagendeye ku ndirimo ya ba P- square yitwa “shop my money” kubwa Fizzo avuga ko uretse ko umudiho wa zouk udahinduka ariko ko bidasa ikindi avuga ko naho vyoba bisa Lolilo atobigira urwitwazo rwo gukora indirimbo ishaka gusa nkiyo.
Ubu ikigiye gukorwa ni kwegera abahinyanyuzi bakavuga uwuvugisha ukuri muri aba , hama tukazana n’indirimbo mukazumviriza namwe mukavuga uko muvyumva, ivyo tuzobigarukako mu nkuru ikurikira iyi.








Hakuna maoni:

Chapisha Maoni