Mu gihe bisanzwe bizwi ko umuririmvyi Lolilo ari mw’idini rya Islam, umukunzi wiwe nawe Loliane akaba yahoze mw’idini rya ekleziya gatolika , muri ino minsi, idini rya islam rihimbaza Aid el-Fitr, Lolilo, na Loliane, baragize ico bashikirije, bongera bavuga n’ingene bigenjeje mu kiringo c’ukwezi kwa ramadhan.
Loliane yabanje gushikiriza icamutumye ahindura idini yahoramwo, avuga ko yabitumwe n’urukundo akunda umukunzi wiwe Lolilo ari navyo vyanatumye aca afata intumbero yo kumukurikira kugira barushirizeho kwumvikana bari hamwe no gukomeza urukundo rwabo.
Nayo kubwa Lolilo abari mw’idini rya islam bose bakwiye kwitwararika amabwirizwa y’idini na cane cane kwubahiriza ibisabwa mu gihe bari mu kwezi kwa ramadhan. Avuga, ko ubwiwe yitanze, kuko ibiteramo vyose yari yatumiwemwo haba ino mu Burundi canke mu bihugu bibanyi, ntanakimwe yagiyemwo kugira yifadikanye hamwe n’abandi bari mw’idini rya islam mu kwubahiriza ibisabwa mw’idini rya islam.
Ubu, baraye barangije ukwezi kwa ramadhan, biteguriye kugirisha ibiteramo I Muyinga kuri uno munsi wa gatanu wa 9 Myandagaro, n’ejo ku munsi wa gatandatu bikazobera hano I Bujumbura.
Hakuna maoni:
Chapisha Maoni